Abarwanyi ba IS batujijwe i Ramadi

iraq ranmadi
Image caption Igisirikare ca Irak cigaruriye igisagara ca Ramadi

Igisirikare ca Iraq kivuga ko cigaruriye inyubakwa ikomeye ya reta bahora bari bamaze imisi barwanira mu gisagara ca Ramadi.

Bigaragara ko abarwanyi ba IS bamaze baguta bakomoka bakava muri iyo nyubakwa.

Kandi bivugwa ko bagiye bateze ibisasu mu bibanza bitandukanye, ku buryo igisirikare kitarashobora gushika hose.

Abo basirikare kandi bahanganye n’abarwanya reta mu turere two mu micungararo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwanyi ba IS baramaze kwirukanwa mu bisagara vyinshi bari barigaruriye

Abamenyeshamakuru bavuga ko ukwirukana abarwanyi ba IS mu gisagara ca Ramadi, ari intsinzi ikomeye ya reta mu ntambara yabahuza.

Ico gisagara kibamwo abasuni benshi kiri ku birometero 90 mu burengero bw’umugwa mukuru Baghdad, cari cigaruriwe na IS mu kwezi kwa gatanu.

Ugufatwa kw’ico gisagara, kwarasuzuguje igisirikare c’ico gihugu.abagwanyi ba IS barirukanye mu bisagara vyinshi bari barigaruriye muri Irak, aho batujijwe n’igisirikare c’ico gihugu hamwe n’abagwanyi b’abakurde.