Ubuyapani bwemeye indishi y'akababo ku bashurashujwe ku nguvu

jaban comfort women Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abaharanira agateka k'abakenyezi bashize imbere y'iboro nserukiragihugu y'Ubuyapani iyo foto bise"isanamu y'amahoro" mu 2011

Ubuyapani na Korea y’epfo bagiriraniye umwumvikano kubijanye n’abakobwa bategetswe gukora imibonano mpuzabitsina ku nguvu mu ntambara ya kabiri y’isi yose.

Ubuyapani bwasavye imbabazi, bunemera no kuriha imiliyoni umunani n’ibihumbi amajana atatu z’amadollars, azoshirwa mu kigega c’abakorewe ayo mabi, kizocungerwa na Korea y’epfo.

Ico kibazo catumye haba ukurabana ribi hagati y’ivyo bihugu bibiri, Korea y’epfo ishaka ko Ubuyapani busaba imbabazi ku mugaragaro, no gutanga indishi y’akababaro ku bakorewe ayo mabi.

Amasezerano y’ubu, ni yo ya mbere kuva mu 1965, kandi abonetse inyuma y’uko izo mpande zibiri zumvikanye kunyarutsa ibiganiro.

Iryo tangazo ryasohotse y’uko umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubuyapani, Fumio Kishida ashikiye I Seoul kuganira na mugenzi we Yun Byung-se.

Inyuma y’uwo mubonano, Kishida yabwiye abamenyeshamakuru ko umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe yasavye ikigongwe abo bose bahuye n’ako kaga.

Abapfasoni bashika 200,000 barahatiwe gukora imibonano mpuzabitsina n’abasirikare b’Ubuyapani mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose, benshi muri bo bakaba bava muri Korea.

Muri bo, 46 gusa ni bo bakiriho muri Korea y’epfo.

Abandi bava mu bihugu vy’bushinwa, Philippine, Indonesia na Taiwan.