De Klerk: igishusho ca Rhodes nikigumeho

mandela and de klerk Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption FW De Klerk ari kumwe na Nelson Mandela

Uwahoze ari prezida wa Afrika y’epfo FW De Klerk, yateye ivyatsi icopfuzo c’uko igishusho ca Cecil Rhodes covanwa kuri kaminuza ya Oriel College iri Oxford.

De Klerk yavuze ko abanyagihugu babera bo muri afrika y’epfo bafise impamvu nyinshi yo kudakunda Rhodes ariko ko “ batigeze biyumvira gukura izina ryiwe muri kahise kacu”.

Abashaka koi co gishusho kihava bavuga ko bagisenga mu kinjana ca 19 c’ubukoloni, kandi ari nay o mpamvu caricashizweho.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Australia, Tony Abbott na we nyene yavuze ko gitegerezwa kugumaho.

Abbott, yize kubera imfashanyo ya Rhodes, yavuze ko gukura ico gishusho koba ari ugusubiriza ubwishime buri imbere mu muntu n’amatohoza ata ho yegamiye ari mu vyiyumviro vy’abantu.