Nta mugera wa Ebola ukirangwa muri Guinee

guinee ebola Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ingwara ya Ebola yahitanye abantu benshi cane mu bihugu vyo mu burengero bwa Afrika

Ishami rya Onu rishinzwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, vyitezwe ko ritangaza uyu musi ko igihugu ca Guinee kitakirangwamwo ingwara yandukira ya Ebola.

Ingwara ya Ebola yadutse muri ico gihugu mu myaka ibiri iheze.

Iyo ngwara ya Ebola yahitanye abantu benshi mu bihugu biri mu burengero bwa Afrika, na cane cane ibihugu vya Guinne, Liberia na Sierra Leone.

Abanye Guinee bariko baritegira kwigina ituzwa ry’iyo ngwara mu munezero.

Benshi bavuga ko batanguye intango nshasha n’umwaka mushasha kuri prezida wabo Alpha Conde, ikiringo ciwe gishasha catanguye mu ndwi iheze.

Ariko uwo mugera wa Ebola ubasize aho umwansi ashaka na cane cane mu mibano no mu butunzi.

Ishiirahamwe mpuzamakungu rifasha ibibondo UNICEF, rivuga ko muri ico gihugu abana 6,220 bahevye ishure, kubera kubura umuvyeyi umwe canke bose ko ari babiri bazize iyo ngwara.

Wengi wanasema wanaanza mwanzo mpya na mwaka mpya na pia kwa rais wao Alpha Conde ambaye muhula wake wa uongozi ulianza wiki iliyopita.

Hata hivyo ugonjwa wa Ebola umeweka kumbukumbu mbaya nchini humo, hususan athari za kijamii na kiuchumi.

Abakize iyo ngwara na bo, babayeho nabi kandi barabinuba cane.