IS itegerezwa gutuzwa hose muri Irak

iraq prime minister Haider Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Irak, Haider al-Abadi

Umushikiranganji wa mbere wa Iraq, Haider al-Abadi, yavuze ko abarwanyi ba IS batagerezwa kwirukanwa mu turere twose barimwo.

Ibi yabivuze inyuma y’aho abasirikare bashoboreye kubohoza igisagara ca Ramadi cahora mu minwe y’abo barwanyi.

Mw’ijambo yashikirije ku mboneshakure, Abadi yiyemeje kubohoza igisagara kigira kabiri muri Irak, igisagara ca Mosul, avuga ko kizoba kibaye icirwa baronse gikomeye kandi ca nyuma.

Amerika yakeje abasirikare ba Irak kuba barabohoje igisagara ca Ramadi.

Umunyamabanga ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, yavuze ko IS bahatakarije vyinshi.

Abo barwanyi biyitirira idini rya Islam bari bigaruriye igisagara ca Ramadi mu kwezi kwa gatanu, bikaba vyarasuzuguje abasirikare ba Irak.