Ehud Olmert yakatiwe gupfungwa amezi 18

ehud Olmert Uwufise ububasha kw’isanamu AFP Getty Images
Image caption Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Israel Ehud Olmert, yaciriwe gupfungwa amezi cumi n'umunani

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Israel, Ehud Olmert, yafatiwe ingingo yo gupfungwa amezi cumi n’umunani kubera kurya igiturire.

Olmert yari yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka icenda na sentare yo muri ico gihugu mu 2014, ariko ico gihano cagabanijwe na sentare y’iyungururizo.

Uwo munyepolitike w’imyaka 70, yaragiriwe n’igiturire cagaragaye mu masezerano yo kubaka amazu, washizweko umukono igihe yari umukuru w’igisagara ca Jerusalem, imbere y’uko aba umushikiranganji wa mbere mu 2006.

Olmert, yatanze imihoho mu 2009, azoba abaye uwigeze kuba umushikiranganji wa Israel wa mbere agiye mw’ibohero.

Yarunguruje kandi ku caha co kwiba akoresheje amayeri hamwe no kutizerwa.