Abanywa itabi baragabishwa ku nkorora idahera

cigarette Uwufise ububasha kw’isanamu iStock
Image caption Abanywi bitabi basabwa kudafata minenerwe inkorora

Abanywa itabi bahanuwe ko batofata minenerwe inkorora kuko ishobora kuba ari ikimenyetso c’ingwara mbi cane ishobora gutera ingorane nyinshi amagara y’abanywa itabi.

Mw’isekeza rishasha ryo guhimiriza abanywa itabi, mu kubabwira amabi y’aryo ku magara yabo, igisata c’amagara y’abantu mu Bwongereza kiragabisha ko abantu benshi banywa itabi batazi ingwara mbi ishobora kubafata y’amahaha izwi kw’izina rya Chronic Obstructive Pulmonary Disease(COPD).

COPD, ivugwa ko ituma imitsi ijana impwemu yonda caane, bigatuma uwugwaye iyo ngwara abura impwemu n’aho yoba ariko arakora igikorwa coroshe nko kuduga canke canke kumanuka ingazi.

Ibiharuro vyerekana ko abantu barenga imilioni mu Bwongereza bagendana ingorane nk’iyo.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Abantu bafise ingorane z'amahaha 9 kuri 10 biba vyavuye kw'itabi

Ingorane nk’izo kandi 9 ku 10 ziba zavuye k’ukunywa itabi.

COPD, ni nk’umutaka unyegeje ingwara zituma amahaha atakigira inguvu, kandi ntizivugwa.

Abantu bafise mwene iyo ngwara bafise ingorane zo guhema, na cane cane bivuye ku kugabanuka k’ubushobozi bwabo bwo guhema n’ukwononekara kw’amahaha.

Iimenyetso bisanzwe ni nko kubura impwemu igihe uriko urakora akazi gasanzwe, inkorora idahera no kwama wandukirwa buri igihe.

Igisata kiraba amagara y’abantu mu bwongereza(PHE), caratanguje isekeza rishasha gitanga amatangazo no kugabisha ko abanywa itabi bofata ko inkorora ari ikimenyetso kibi kandi ca mbere cerekana ko amahaha yamaze kwandura.

Nta muti w’iyo ngwara ubaho, ariko igihe umuntu ahagaritse kunywa itabi, akinonora imitsi nkuko yabisabwe no gufata imiti igabanya umurindi wo kwandukirwa na COPD.

Kugira abantu bategere neza ivyerekeye iyo ngwara, PHE yarateguye ireresi ngufi yo gukoresha muri iryo sekeza ku mbuga ngurukanabumenyi.

Iyo reresi yerekana uwigeze kuba rurangiranwa mu kunonora imitsi Iwan Thomas, nyina wiwe aherutse gusanga arwaye iyo ngwara ya COPD.

Thomas anafanya majaribio na wavutaji sigara kuona iwapo COPD inaweza kupunguzwa miongoni mwa wavutaji sigara.

Thomas avuga ati:”Sinigeze menya neza COPD canke ingaruka mbi yayo mu buzima bwa misi yose, ariko ariko nko mugihe co gukora akazi koroshe ko kuduga ingazi, canke gutegura ihikombe c’icayi, canke kuja aho imodoka zunguruza abantu zihagarara, ntibinyorohera kuri jewe.”

‘Umwaka wo guheba itabi’

“Inyuma yo kunywa itabi umwanya muremure, mawe yamvyaye yahisemwo ko umwaka 2016, ari wo mwaka azohagarika kunywa itabi”

“Nohamagarira abo bose bakinywa itabi bafate ingingo nk’iyo kugira bakingire amahaha n’ubuzima bwabo,” uko ni ko Thomas avuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibiharuro vyerekana ko abantu barenga umuliyoni mu Bwongereza bafise iyo ngwara

Professeur Sally Davies, umutegetsi mukuru muvyo amagara y’abantu mu Bwongereza yongeyeko ko:”COPD ni ingwara mbi n’aho itaramenyekana cane”.

“Ikintu gikomeye ku muntu anyway itabi, ni ukumenya uko amahaha yiwe ameze hakiri kare, hanyuma no gufata ingingo zikenewe zo kwivuza kugira akingire amagara yiwe, harimwo no kureka kunywa itabi.