Centrafrique: Amatora ya prezida yatanguye

car election Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amatora y'umukuru w'igihugu n'abashingamateka yatanguye muri Centrafrique

Abanyagihugu bo muri Centrafrique bazindukiye mu matora y’umukuru w’igiuhugu n’auo abashingamateka.

Abantu mirongo itatu nib o bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu muri ayo matora yari amaze kwunguruzwa incuro nyinshi.

Abashinzwe umutekano b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, biteze ko hashobora gusubira kwaduka umutekano muke nk’uko vyagenze ku musi w’amatora yo kwemeza canke guhakana ko aya matora yoba haraciye indwi zitatu.

Igihugu ca Centrafrique carasinzikajwe n’intamabara kuva aho abarwanyi biganjemwo aba Islam ba Seleka bafatiye ubutegetsi mu kwez kwa gatatu 2013.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Papa Francis yaheruka kugira urugendo muri ico gihugu kirimwo abakristu benshi

Abagwanyi b’abakristu bazwi kw’izina rya Anti-Baraka, na bo baciye bafata umuheto batangura gutana mu mitwe na Seleka.

Mu kwezi kwa mbere mu 2014, harashizweho reta mfatakibanza irongowe n’umupfasoni Catherine Samba-Panza.

Batatu mu bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu nib o baboneka ko hashobora kuvamwo uwutahukana intsinzi.

Babiri muri abo, Martin Ziguele na Anicet Dologuele, barigeze kuba abashikiranganji ba mbere ku ntwaro ya prezida Ange-Felix Patasse, ubu yitavye Imana.

Uwundi wa gatatu, Karim Meckassoua, ni umu islam yigeze kuba umushikiranganji ku ntwaro ya Francois Bozize gushika igihe yakurwa ku butegetsi n’abarwanyi ba Seleka mu mwaka 2013.

Abaraba ibintu n’ibindi bavuga ko hashobora kuba amatora agira kabiri mu mpera z’ukwezi kwa mbere.

Ayo matora nyene yerekeye abashingamateka 105.

Inyuma yo gufata ubutegetsi, abarwanyi ba Seleka bagenye prezida Michel Djotodia kuba umukuru w’igihugu, akaba yabaye umutegetsi wa mbere w’umu islam atwaye ico gihugu ciganjemwo abakristu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Catherine Samba Panza yahora arongoye Centrafrique mu kiringo mfatakibanza, ari kumwe n'umushikiranganji wiwe wa mbere Mahamat Kamoun

Ariko inyuma y’igitsure c’ibihugu vyo muri ako karere n’Ubufaransa bwatwaye ico gihugu kitarikukira, Djotodia, yaratanze imihoho, ikibanza ciwe guca kijamwo umupfasoni, Catherine Smaba-Panza.

Djotodia na Bozize bose bari mu buhungiro, bakaba barashiriweho ibihano na Onu hamwe na Amerika kubera uruhara bafise mu ntambara ibera muri ico gihugu.