El Nino izobangamira abantu mu 2016

el nino Uwufise ububasha kw’isanamu Kenya Red Cross
Image caption Kenya ni kimwe buhigu vya Afrika vyahuye na El Nino

Ubushuhe buzwi kw’izina rya El Nino, buzwi cane ko bukomeye mu ri kahise k’isi, buzotuma haba ingorane y’inzara n’ingwara ku bantu imiliyoni n’imiliyoni kw’isi mu mwaka 2016, nk’uko bimenyeshwa n’amashirahamwe atanga imfashanyo.

Iryo hindagurika ry’ibihe rizotera ubushuhe burenze mu bibanza bitandukanye ahandi habe umwuzure.

Bimwe muri ivyo bibanza bizomererwa nabi gusumba biri ku mugabane wa Afrika, kandi ibura ry’ibifungurwa rikaba ryitezwe mu kwezi kwa kabiri.

Ibindi bice harimwo Caraibe, Amerika yo hagati na Amerika y’epfo bizogira ingorane mu mezi atandatu ari imbere.

El Nino,iva kukwongerekana k’ubushuhe igaca igira ingaruka mbi kw’ihindagurika ry’ibihe mu bice vyinshi.

Muri uyu mwaka el Nino yarongerekanye ku buryo umwaka wa 2015 wabaye umwaka wa mbere ushushe gusumba muri kahise k’isi.

Gushika ubu, abantu imiliyoni 31 barageramiwe n’inzara muri Afrika, benshi bakaba bari mu gihugu ca Ethiopia.

Biharugwa ko miliyoni cumi n’ibihumbi amajana abiri bazokenera imfashanyo y’imfungurwa mu mwaka 2016.