Burundi: Abantu barenga 15 bakomerekeye mu bitero bitandukanye

burundi violence
Image caption Abantu barenga cumi na batanu baraye bakomerekeye mu bitero bitandukanye

Abantu barenga cumi na batanu baraye bakomeretse mu gisagara ca Bujumbura mw’ijoro ryakeye, bazize ibitero vy’inkoho n’igisase ntezwantoke nk’uko bishikirizwa n’igipolisi c’Uburundi.

Abo bose bakomeretse bazize ibitero vy’ibisase ntezwantoke, benshi bakaba ari abo muri zone Buyenzi iri muri komine Mukaza.

“Nariko ndatanga ibinyobwa nca numva ikintu gituritse, tugiye kuraba dusanga abantu bashika cumi bakomeretse, uwateye nibaza ko yashaka kwica umugwi w’abantu bari bicaye hanze mw’ibarabara ariko Imana yakinze ntawapfuye,” ivyo bivugwa na Bitege, asanzwe afise ubunywero aho mu Buyenzi.

Hari n’isase catewe ku nzu yo muri zone Rohero, atawumenye iyo kizananye, kibasanga mu nzu gikomeretsa umupfasoni n’umucance wiwe.

Igipolisi ni co caciye kibatwara kwa muganga.

Mu gipolisi bavuga ko ivyerekeye ivyo bitero vyose babimenye, kandi ko no muri zone Buterere hari umugwi w’abitwaje ibirwanisho baraye bateye ku muhana umwe baje kwiba, bakomeretsa umwana.

Kuva ejo ku mugoroba, umutekano wari wongerejwe ku biraro vy’inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura, aho hibonekeza abapolisi n’abasirikare benshi, basaka imodoka zose zihaciye.

Kuva hadutse ukutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, abantu barenga amajana ane baramaze kwitaba Imana, abandi barenga ibihumbi amajana atatu barata izabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Kuri uyu wa mbere haratanguye ibiganiro bihuza abashamiranye bizobandaniriza i Arusha ku wa 6 ukwezi kwa mbere

Bitegekanijwe ko ibiganiro bihuza abo bose bafise uruhara muri ayo matati, vyatanguye ku wa 28 ukwezi kwa cumi na kabiri I Entebe muri Uganda, bibandaniriza I Arusha mu gihugu ca Tanzania itariki zitandatu z’ukwezi kwa mbere.

Reta ntiremera ko izokwitaba ivyo biganiro kuri iryo sango.