Prezida Kagame azitoza mu 2017

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Mw’ijambo rigufi ryo kurangiza umwaka yashikirije ku boneshakure y’igihugu, prezida w’Urwanda Paul Kagame, yamenyesheje ko azokwiyamamariza ikiringo kigira gatatu.

Prezida Paul Kagame yavuze ko ivyo abanyagihugu bamusavye yavyumvise, ata kundi yogira Atari ukuvyemera.

Yavuze ariko ko adashaka gupfira ku butegetsi.

Ibwirizwa shingiro ry’Urwanda riheruka kwemezwa n’abanyagihugu bose, riha uburenganzira prezida Paul Kagame gutwara gushika mu mwaka wa 2034.

Image caption Ibwirizwa shingiro riherutse kwemezwa n'abanyagihugu, riha uburenganzira prezida Kagame gutwara gushika mu 2034

Amatora yo kwemeza canke guhakana iryo bwirizwa shingiro yatunganijwe ku wa 17 na 18 kwezi kwa cumi na kabiri, ryemezwa ku majwi arenga 98 kw’ijana.

Abibihgu bimwe bimwe vya Buraya n’amashirahamwe mpuzamakungu harimwo na Amerika vyaranebaguye uko gushaka kuguma ku butegetsi kwa Prezida Kagame.