Russia: Umutekano urabangamiwe na OTAN

russia putin Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Inyandiko nshasha zashizweko umukono na prezida Putin zivuga ko Otan ibangamiye umutekano w'Uburusiya

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya yashize umukono kw’itegeko rishasha ry’igihugu riraba umutekano, rivuga ko umugambi wo kwongereza abaja mw’ishirahamwe ryo kwivubira umwansi hamwe Otan, ubangamiye umutekano.

Iryo tegeko rivuga ko “politike yigenga yo hagati no hanze yaco” y’Uburusiya yatumye Amerika n’incuti z’ayo bafata ingingo.

Yagiriza ivyo bihugu gushaka kwigubana ibibazi bikomeye biri kw’isi.

Imishamirane muri Ukraine, yatanguye mu 2014, yatumye imigenderanire hagati y’Uburusiya n’ibihugu vya Buraya itituka.

Izo nyandiko z’izwi kw’izina rya politike y’umutekano mu gihugu, zashizweko umukono na prezida Putin kuri uyu wa kane, ni zo za vuba muzigenda zisohorwa na reta zigenda zinebagura ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe Otan.

Mu mwaka 2014, Uburusiya bwaratangaje ko bwari guhindira politike igenga igisirikare, bivuye ku ntambara zibera muri Ukraine, no kuba abasirikare ba Otan mu burasirazuba bwa Buraya.