CAR: Rurageretse mu matora

Amatora yo muri CAR Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Amatora yo muri CAR

Abahoze ari abashikiranganji ba mbere barahanganye mu matora y'umukuru w'igihugu agamije kurangiza imvururu zibera muri Centrafrique.

Mu majwi arenga 2/3 amaze kubarurwa, Faustin Archange Touadera ari imbere gato ya Anicet Georges Dologuele.

Umutwe w'inyeshyamba z'abayisilamu wa Seleka wafashe ubutegetsi mu ntangiriro z'i 2013 mu gihugu kiganjemo abakristu, bituma perezida Francois Bozize ahunga, binatuma impirimbanyi z'abakristu ziri mu mutwe wa Anti-Balaka zikora ibikorwa byo kwihorera.

Niba muribo ntawe ugize ibice 50% by'amajwi, barakora andi matora ku nshuro ya kabiri.