Kaminuza ya Garissa yongeye gukora

Abakozi ba kaminuza ya Garissa bamaze gusubira ku kazi mu gihe abanyeshure bo barindiriwe kuva kumunsi wa mbere uza.

Igipolisi carungitswe kuhacungerera umutekano.

Igitero cagabwe kuriiyo kaminuza cane cane kirondera abanyashure, nico cahitanye abantu benshi kuva al shabab igaba ibitero ku butaka bwa Kenya.

Al shabab yakomeje kugaba ibitero kuri Kenya kuva ingabo z' ico gihugu zigiye muri Somalia mu 2011.