IS yateye ibigega vy'ibitoro al-Sidra

Uwufise ububasha kw’isanamu

Abarwanyi ba IS batanye mu mitwe n'abasirikare bacunze igituro c'ibitoro bijanwa mu mahanga ku kivuko ca Al-Sidra.

Intambara zabanzirijwe n'igitero c'imodokari cakozwe n'umwiyahuzi ku kirindiro c' igisirikare.

Ariko abajejwe kuharinda bavuga ko bashoboye kwigizayo abo barwanyi ba IS.

Libya kino gihe igabuyemwo ibice bibiri biyoboka leta zitandukanye, n'imirwi ibiri y'abarwanyi ihanganye.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko IS yashoboye kwungukira muri ako kajagari, ishobora gushikana ikirenge mu gace k'uburengero karimwo amariba y'ibitoro mu gace ka al-Sidra.