CAR: Abitoza mu kibanza ca perezida 20 biyamirije ivyavuye mu matora

car election Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu 20 barahakana ivyavuye mu matora

Abitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu 20 mu gihugu ca Centrafrique basavye ko amatora yofutwa kuko ngo habayemwo ubusuma.

Vyari vyitezwe ko inyuma y’ayo matora yo ku musi wa gatatu, mu ndwi iheze, amahoro yaca agaruka muri ico gihugu, aho abantu ibihumbi n’ibihumbi bishwe bazize intambara y’amadini.

Mu ca kane c’amajwi amaze guharurwa, biboneka ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Faustin Archange Touadera, ari we aza imbere gushika ubu.

Umuvugizi w’umugwi w’abo 20 baharanira ico kibanza c’umukuru w’igihugu, Theodore Kapuo, yabwiye abamenyeshamakuru, ko batashimye ingene ayo matora yagenze.

“Twebwe twitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu, twashize umukono kuri iri tangazo, turiyamirije uko ayo matora yegenze. Turamenyesheje ko uko amatora yagenze bitizewe, ni ngombwa bihagarikwe, kugira dufashanye hanyuma twige icokorwa.”