Gambia: Itegeko ryo gupfuka umushatsi ku bapfasoni

gambia female Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Yahya Jammeh wa Gambia

Reta ya Gambia yafashe ingingo yo kubuza abapfasoni kuja ku kazi batipfutse mu mutwe, iyo nkuru itaramenyekana neza ikaba yamenyeshejwe n’ikinyamakuru cigenga.

Urwo rwandiko ruvuga ko abapfasoni bategerezwa kuboha kandi bagapfuka umushatsi wabo, ariko batamenyesheje impamvu iryo tegeko rifashwe.

Mu kwezi guheze, Perezida Yahya Jameh yamenyesheje ko igihugu ca Gambia kirimwo aba Islam benshi kibaye reta ya ki Isilamu.

Yongeyeko ko atategeko rizoshirwaho rijanye n’inyambaro, kandi ko abantu bo mu madini atandukanye atawuzobabuza gusenga aho bashatse.

Igihugu ca Gambia kirakunzwe cane n’ingenzi z’ibihugu vya Buraya kubera ibibanza biri ku nkengera z’ibiyaga (plages).

Yahya Jammeh yakuye igihugu ciwe mw’ishirahamwe 'Commonwealth', avuga ko ari nko kubandanya gucinyizwa n’ababatwaye mu gihe c’ubu koloni.