Ubudagi burababajwe n'amabi yakorewe abapfasoni ku mwaka mushasha

cologne women assault
Image caption Abategetsi b'igisagara ca Cologne bavuga ko gukubagura abapfasoni ari ubundi bugizi bwa nabi bwadutse

Umukuru w’igisagara ca Cologne yahamagaje igipolisi mu biganiro inyuma y’aho abapfasoni boba bashika 80 bamenyeshereze ko bakubaguwe mu gihe c’umwaka mushasha.

Intera y’ibibi vyakorewe abakenyezi mu kibanza gihagararamwo amamodoka mu gisagara hagati vyatumwe abantu bagwa mu gahundwe mu Budagi.

Abagabo boba bashika 1.000 baborewe kandi ata co bibanga ni bo babifisemwo uruhara.

Umukuru w’igipolisi co mu gisagara ca Wolfgang Albers yavyise”Ubundi bugizi bwa nabi butagira urugero”.

Yavuze ko abo bagabo babikoze basa n’abarabu canke bava muri Afrika y’uburaruko.

No mu gisagara ca Hambourg, abapfasoni barakorewe amabi.

Ariko amabi yakorewe I Cologne, iruhande ya Cathedrale izwi cane iri muri ico gisagara, ni yo akomeye cane, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo mu Budagi. Umwe muri abo bapfasoni yarafashwe ku nguvu.

Menshi muri ayo mabi bakorewe yashikirijwe igipolisi, ajanye n’ubusuma.

Umupfasoni ariko akora umwuga w’igipolisi ku bushake bwiwe, ari mu bakubaguwe.