Ghana: Urubuga rwa internet rweranda

ghana internet Uwufise ububasha kw’isanamu Loverealm
Image caption Hagiye gushingwa urubuga ngurukanabumenyi rutagatifu muri Ghana

Umugwi umwe w’abakristu mu gihugu ca Ghana, utegura gushinga urubuga ngurukanabumenyi uzoba uri mweranda.

Uwo mugwi uzwi kw’zina rya Love Realm uvuga ko urwo rubuga ata makuru ruzotanga, ijwi canke video bufise ubutumwa butajanye n’inyigisho y’idini rya kikristu.

Abarongoye uwo mugwi bavuga ko imbuga ngurukanabumenyi zubu zuzuyeko amafoto, video n’inkuru bitanga inyigisho mbi ata co zimaze kandi zibiza inzankano.

Ariko uwo mugwi, watangujwe na Dr Yaw Ansong Jnr na Bojan Jordanovski, uvuga ko urwo rubuga rwabo ruzofasha abahora bafise ingorane yo kugumana ukwemera kwabo kubera izindi mbuga z’abatemera, kandi uzofasha abo basangiye umugwi kuja hamwe no guheba akabi kose.

Ubu urwo rubuga ruramaze guhamagarira abantu ibihumbi n’ibihumbi babakurikira ngo bagerageze kubakurikira kuri internet ku bigo vya pentecote biri mu gisagara gikuru ca Accra.