Koweit yahamagaje uwuyiserukira muri Iran

koweit iran
Image caption Igihugu ca Koweit cahamagaje uwugiserukira muri Iran

Igihugu ca Koweit camenyesheje ko cahamagaje uwugiserukira mu gihugu ca Iran biturutse ku matati yadutse inyuma y’iyicwa ry’umutegetsi w’umu islam w’umu Shia.

Inzu y’uwuserukira igihugu ca Arabia Saudite yaratewe iraturirwa ku musi wa gatandatu, inyuma y’aho ico gihugu ciciye umu Shia Sheikh Nimr al-Nimr ari kumwe n’abandi 46.

Igihugu ca Arabie Saudite caciye gihagarika imigenderanire na Iran, ingingo yaciye ifatwa na Bahrain na Sudan.

Amerika, Onu na Turkia ni bamwe mu bamaze gusaba ko ibintu vyosubira mu buryo.

Aba Islam b’aba Sunni bo muri Arabie Saudite hamwe n’aba Shia bo muri Iran ni abakeba bari ku butegetsi mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati, bakaba kandi batabona kimwe intambara zibera muri Syria no muri Yemen.