Abantu 4 bakekwako iterabwoba bariko barasakwa muri Kenya

kenya terorrist Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abantu bane bakekwako ibikorwa vy'iterabwoba bariko bararonderwa mu gisagara ca Mombasa

Abajejwe umutekano mu gihugu ca Kenya kiriko kirasaka abikekwako igikorwa c’iterabwoba, bagirizwa kubaca mu ryahumye igihe bariko barasaka inzu imwe mu gisagara ca Mombasa.

Igipolisi cafashe inkoho zibiri n’ibintu biturika inyuma yo kuja gusaka muri iyo nzu yahora ikoreramwo n’abo bantu bane ku musi wa mbere.

Umukuru w’igipolisi I Mombasa, Nelson Marwa avuga ko inkoho imwe muri izo zafashwe yakoreshejwe mu kwica umupolisi umwe muri ico gisagara mu mwaka uheze.

Image caption Igipolisi cafashe inkoho zibiri, n'ibintu biturika

Iyindi nkoho yo mu bwoko bwa M4, yarakoreshejwe mu gitero co kw’ikambi ya gisirikare mu gisagara ca Mombasa mu mpera z’ukwezi kwa cumi na rimwe.

Igipolisi cerekanye amafoto y’abo baronderwa bane, bavuga ko ari bamwe bo mu mugwi w’abarwanyi ba El Shabab binyegeje mw’ishamba rya Boni, ku birometero 500 mu buraruko bwa Mombasa.

Igihe bariko barasaka, igipolisi carafashe n’amahera menmshi cane.