ONU igaya ibitero ku biro vy'userukira Arabie Saudite

iran protest Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Onu iriyamiriza ibitero vyagizwe kuri ambassade ya Arabia Saudi muri Iran, bivuye kw'iyicwa rya Sheikh Nimr al-Nimr

Akanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi kateye ivyatsi igitero cagizwe ku biro vy’uwuserukira igihugu ca Arabie Saudite I Tehran n’abari mu myiyerekano bari bashavujwe n’iyicwa ry’umukuru mw’idini rya Islam w’umu Shia.

Iryo tangazo nta ho rivuga iyicwa rya Nimr al-Nimr.

Igihugu ca Arabia Saudite cacanye ubucuti na Iran ku w’Imana, inyuma y’aho ibiro vy’uwubaserukira muri ico gihugu bitewe bikanaturirwa.

Ku wa mbere, icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Turkiya yari yasavye ivyo bihugu vyompi gusukamwo mabisi, avuga ko uburasirazuba bwo hagati bwari busanzwe busanganywe ingorane nyinshi.

Akanama ka ONU kajejwe umutekano, mu kwishura ikete rya Arabia Saudite, kateye ivyatsi iterwa ry’ibiro vy’userukira ico gihugu I Tehran, n’igitero cabaye ku bindi biro biri mu gisagara ca Mashhad.

Akanama ka ONU kahamagariye Iran gukingira ibiro vy’abaserukira ibihugu vyabo n’abakozi babikoramwo, no kubahiriza amategeko ajanye n’avyo ata n’agakwabu basimvye.

Basavye izo mpande zibiri kubandanya baganira no gukora uko bashoboye ngo bagabanye imishamirano iri muri ako karere.

Ariko nta na hamwe bavuze ivyo iyicwa ry’umunyedini ahambaye w’umu Shia Sheikh Nimr al-Nimr n’igihugu ca Arabia Saudite ku musi wa gatandatu, hamwe n’abandi 46, inyuma y’aho bagiririjwe icaha c’iterabwoba.