Burundi: Abashatse gutembagaza reta basabiwe umunyororo wo guherayo

burundi gen ndayirukiye Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY
Image caption Gen Cyrille Ndayirukiye ndayirukiye na bagenzi we basabiwe umunyororo wo guherayo kubera gushaka gutembagaza ubutegetsi

Abantu 28 bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 ukwezi kwa gatanu, basabiwe igihano co guherayo.

Umushikirizamanza abagiriza ivyaha vyo gushira mu ngiro gushaka gutembagaza ubutegetsi no guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho ngo barwanye reta, kwica abasirikare n’abapolisi hamwe n’abanyagihugu hamwe rero kwonona no gusambura inyubako.

Urubanza rwatanguye humvirizwa abasaba indishi.

Uwaserukiye igisirkare c’Uburundi yasavye indishi ingana n’amahera y’amarendi agera ku 793.951.900 y’ibikoresho n’inkoho vyazimiye ku matariki ya 13 na 14 ukwezi kwa kane, hamwe n’ayakoreshejwe mu gushingura abasirikare 9 bahasize ubuzima.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igipolisi kivuga ko umugambi wo gutembagaza ubutegetsi watanguye kuja mu ngiro imyiyerekano itanguye mu kwa kane

Ubushikiranganji bw’umutekano busaba indishi y’akababaro y’imiliyaridi 13 n’imiliyoni amajana atanu, bukanavuga ko umugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi watanguye kuja mu ngiro ku musi wa mbere w’imyiyerekano.

Radio Rema FM yaturiwe n’abashaka gutembagaza ubutegetsi isaba indishi y’akababaro y’amafaranga y’amarundi agera ku 4.213.800.000 ku bikoresho n’inyubakwa vyahononekariye.

Abandi basavye indishi ya kababaro, ni abapolisi babiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Gen Godefroid Niyombare umukuru w'abashatse gutembagaza ubutegetsi ubu atawuzi irengero ryiwe

Bubaye ubwa gatandatu abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bitaba mu ntahe y’icese.

Gen Cyrille Ndayirukiye, icegera c’uwari arongoye uwo mugwi washaka gutembagaza ubutegetsi, Gen Godefroid Niyombare, ubu atawuzi aho yahungiye, yaremeye icaha co gushaka guhirika ubutegetsi, ariko ahakana ibindi vyose yagirizwa kandi yahakanye kugira ico avuze ku gihano yasabiwe ngo kuko urwo rubanza rutisunze amategeko.

Bitegekanijwe ko sentare ishikiriza ingingo kuri uru rubanza, itariki 14 z'uku kwezi nyene.

Image caption Kuva hadutse amatati ku kiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu, abantu barenga 400 baramaze kwitaba Imana

Kuva hadutse amatati yo kutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, Onu ivuga ko abantu barenga amajana ane bamaze kuhasiga ubuzima, abarenga ibihumbi amajana atatu bata izabo n’abandi benshi ubu bari mw’ibohero.

Ibiganiro bihuza abashamiranye vyari bitegekanijwe uyu musi vyasivye, imigwi yose ikaba itaronse ubutumire bw’umuhuza, ariko reta y’uburundi yari yamaze kumenyesha ko itazovyitaba kuko itagishijwe inama kw’itariki n’ikibanza vyari kuberamwo, inyuma y’ivyabereye Entebe muri Uganda.