Amakungu yiyamirije Koreya ya ruguru

north korea Uwufise ububasha kw’isanamu APTN
Image caption Korea ya ruguru imenyesha ko yagerageje ibombe ya Hydrogene

Korea y’uburaruko ivuga ko ku ncuro ya mbere yashoboye kugerageza imbombe ya Hydrogene.

Koreya yaruguru yatangaje ko igiqasasu yagerageje kiri mu bwoko bwa 'bombe a hydrogene', kikaba kirusha ivyo bita 'bombe atomique ubukomezi'.

Iryo tangazo ryasomwe ku mboneshakure ya reta ya Koreya ya ruguru, inyuma y’aho humvikanye ukunyiganyiga kw’isi gupima gatanu n’igice kimwe, mu micungararo y’ikiobanza co kugeragerezamwo ibisasu vya nucleaire.

Abahinga bo muri Amerika bariko baragira amatohoza yo kumenya nimba bariko baragerageza iyo bombe canke ko cari ikindi kirwanisho ca nucleaire kitagira inguvu.

Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko ibombe ya hydrogene ifise ubushobozi bunini bwo guturika ugereranije n’ibindi bisasu bikoresha na Pluton, Korea yamaze kugerageza mu myaka yaheze.