Umunyedini yaciriwe igihano co kwicwa muri Nigeria

nigeria sharia Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Sentare za ki islam zifise igipolisi cazo i Kano

Sentare ya ki islam yaciriye urubanza rwo kumanikwa umutegetsi w’idini azize kuba yararutse intumwa Mahomet mu gisagara ca Kano kiri mu buraruko bwa Nigeria.

Abdul Nyass yaciriwe ico gihano inyuma y’urubanza rwaciriwe mu mwiherero, mu kwanka ko haba imyiyerekano.

Batanu mu bayoboke biwe, na bo nyene baraciriwe urubanza rwo gupfa mu mwaka uheze.

Ni imanza za mbere zo gupfa kubera ugutuka intumwa ziciwe na sentare yubahiriza itegeko rya Islam, Sharia; imanza nk’izo zari zimaze gucibwa ku vyaha bitandukanye nko ku busambanyi, ariko nta na rumwe rwari bwashirwe mu ngiro.

Nyass ni umwigisha w’ishami rya Tijaniya, ryashingiwe mu gihugu ca Senegal na Sheikh Ibrahim Niasse, afise abayoboke benshi muri afrika y’uburengero.

Bivugwa ko yavuze ngo”Niasse aruta intumwa Mahomet”, bikaba vyatumye haba imyiyerekano mu gisagara.