Abashikirizamanza banse gukurikirana Bill Cosby

bill cosby america Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bill Cosby

Abashikirizamanza bo mu gisagara ca Los Angeles banse gucira urubanza Bill Cosby ku birego bibiri vy’uko yoba yarakubaguye abigeme, umwe mu 1965 uwundi mu 2008.

Mu kirego ca vuba, c’uwugira imideli w’imyaka 25, umushikirizamanza wo muri ako karere yavuze ko atavyemeza bihagije vyerekana ko yakoze ico caha.

Ku birego vya kera na vyo, abashikirizamanza bavuga ko ikiringo co kurega carenze.

Cosby w’imyaka 78, yaragirijwe mu ndwi iheze gukubagura umupfasoni I Pennsylvania, ariko yarabihakanye.

Abapfasoni barenga mirongo ibiri, baramwitwariye harimwo kubaha ibiyovyabwenge, kubakubagura, kubakubita no kubafata ku nguvu, ivyaha vyakozwe haraheze imyaka irenga mirongo ibiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Chloe Goins avuga ko Bill Cosby yamuhaye ibiyovyabwenge i Playboy Mansion

Muri rumwe muri izo manza, uwugira imideli Chloe Goins yagiriza Cosby kumuha ibiyovyabwenge, no kumukubagura I Playboy Mansion mu 2008 igihe yari agifise imyaka 17.

Ababuranira Cosby bavuga ko batari mu musi mukuru umwe na Goins.

Mu bindi vyagiriji vyo mu 1965, uwuvuga ko yakorewe icaha yagiriza Cosby ko yamuhaye inzoga iboreza mu nzu y’ubunywero ya Jazz I Hollywood, aca amutwara muhira, amuhatira ko baryamana ku nguvu.

Uravye uko ikiganiro ca Cosby gikunzwe, uwo munyabugenegene atwenza ni we wa mbere aronka amahera menshi mu bantu bagira biganiro binezereza abantu ku mboneshakure zo muri Amerika.

.ku musi wa gatatu, umupfasoni wiwe yararonse inkuru imubwira ko hari igihe atotegerezwa kwisigura ku birego vy’abapfasoni indwi bagiriza Cosby kubakubagura.