Abanyororo babiri b'i Guantanamo bajanywe muri Ghana

ghana america guantanamo Uwufise ububasha kw’isanamu .
Image caption Babiri mu bari bapfungiwe i Guantanamo bimuriwe muri Ghana

Abanyororo babiri bahora bapfungiwe mw’ibohero rya Guantanamo Bay, muri Cuba, bimuriwe mu gihugu ca Ghana.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika buvuga ko abo barungitswe muri ico gihugu ari Khalid al-Dhuby yarekuwe mu 2006 na Mahmoufd Omar Bin Atef mu mwaka wa 2009.

Abo bantu babiri bamuka mu gihugu ca Yemen, bapfunzwe n’icaha kimwe kandi ntibarigera bagirizwa na rimwe.

Igihugu ca Ghana caremereye abo bantu babiri kuba muri ico gihugu mu kiringo c’imyaka ibiri, nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’imigenderanire w’ico gihugu, Hanna Tetteh.

Inkuru zitangwa n’igisirikare ca Amerika zivuga ko Mahmoud Omar Atef ari umunye Yemen yavukiye muri Arabia Saudite mu mwaka 1979.

Yafatiwe muri Afghanistan mu 2001.

Khalid al-Dhumby na we avuka muri Arabie Saudite, yavutse mu 1981, akaba yari yagiye muri Afghanistan kugwana.

Ico gihugu co muri Afrika y’uburengero, nticari bwgere cakira abanyororo bavuye mw’ibohero rya Guantanamo.