IS yaturiye ibituro vy'ibitoro

libya oil fire Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ibituro bibiri vy'ibitoro vyaturiwe na IS muri Libia

Ibitero vya bombe vy’umugwi wiyita Islamic State(IS) ku bituro bibiri vy’ibitoro vyatumye haduka umuriro wakwiragiye gushika no mu bubiko bwavyo bunini.

Bivuga ko uwo mucanwa wasasitse inganda I Sadra n’I Ras Lanouf,hamwe no ku nkengera hagati Syrte na Benghazi.

Abategetsi bavuga ko abacungera ivyo bibanza boba bashika 10 bamaze gupfa kuva ho IS itereye ku musi wa mbere.

Ibihugu vyemera reta ya Libia vyayifashije n’ibitero vy’indege mu gukingira ako karere.

Igihugu ca Libia carigabuyemwo ibice bigizwe n’abarwanyi hamwe na reta yemewe kuva prezida Kadafi avuye ku butegetsi mu 2011.

IS imaze nk’umwaka ikorera muri Libia, kandi mu kwa cumi na kabiri, Ubufaransa bwari bwagabishije ko uw mugwi ushaka kwigarurira ibituro v’ibitoro.