France:umuntu yitwaje inkota yarashwe

Image caption Uwarashwe yari mu gace ka Goutte d'Or mu micungararo y''umuji wa Paris

Ababibonye bavuga ko harashwe amasasu abiri canke atatu mu gace ka Goutte d'Or.

Abategetsi bavuga ko uwo mugabo yari yitwaje imbugita yasemereye avuga ngo 'Allahu Akbar', akaba yari ngo yambaye umushipi usa nuwo umwiyahuzi, utari uwo.

Ibi babaye mu gihe mu Bufaransa bari baramutse bibuka umwaka urangiye habaye igitero cagabwe ku nzu y'abakozi b'ikinyamakuru, Charlie Hebdo.

Perezida Francois Hollande yari yashikirije ijambo inzego z'umutekano, yibutsa impungenge zikiri muri ico gihugu ku bitero vy'iterabwoba.