Imbeho irarembeje abimukira muri Barkan

serbia cold Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igitigiri c'abimukira baja kwivuza kubera ingwara ziturutse ku mbeho kigenda ciyongera

Abaganga bakora mu makambi y’impunzi muri Barkans, bavuga ko igitigiri c’impunzi zigwara kubera imbeho yabaye nyinshi kiguma congerekana. Ubu ubushuhe buri musi ya degree 11.

Amashirahamwe afasha mu kuvura Medical Corps na Medecins Sans Frontieres avuga ko benshi muri abo basinzikaye bafise ingorane zo kudahema neza, nk’imisonga ca ibicurane.

Hari kandi ubwoba ku bantu banka canke badashaka kwivuza.

Abimukira barafashwa mu buvuzi, mu kubaha impuzu zisusurutsa n’imfungurwa mu kibanza kinini bakoraniyemwo, ku rubibe igihugu ca Serbia gihana na Macedoine, mu bumanuko hamwe na Croatia mu buraruko.

Ishirahamwe rya International Corps rirafise ivuriro ku gituro ca gariyamoshi kiri mu gisagara gitoya ca Sid, mu buraruko bwa Serbia.