Somalia yahagaritse imigenderanire na Iran

somalia iran
Image caption Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza iyicwa rya Sheikh Namr al-Namr

Igihugu ca Somalia catangaje ko guhagaritse imigenderanire na Iran, cicagiriza kwisuka mu biraba ico gihugu.

Reta ya Somalia yatanze amasaha 72 ku bakozi bose baserukira Iran muri ico gihugu , ngo babe bamaze kuva muri ico gihugu.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y’inama nshikiranganji ya Somalia ikoraniye.

“Iyi ngingo ifashwe inyuma yo kuyihweza neza, no kubera ko igihugu ca Iran kibandanya kwisuka mu biraba Somalia,” iyo nkuru ikaba yavuye mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bwa Somalia.

“Somalia isaba retaya ki islam ya Iran kwubahiriza ukwishira n’ukwizana kw’ibindi bihugu vyose, bakurikije amategeko mpuzamakungu, amasezerano y’I Vienne agenga imigenderanire n’ibihugu yo mu mwaka wa 1961, hamwe n’imico iranga iyo migenderanire.”

N’aho iyo nkuru itarashirwa ku mugaragaro, iyo ngingo iboneka ko ifitaniye isano n’amatati yadutse inyuma y’aho hiciwe umunyedini w’umushia mu gihugu ca Arabie Saudite.

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Arabie Saudite yarahagaritse ubucuti na Iran

Somalia ni kimwe mu bihugu vyari bishigikiye ingingo yafashwe na Arabie Saudite yo guhagarika imigenderanire na Iran, inyuma y’aho ibiro vy’uwuserukira ico gihugu I Tehran, bigiriweko ibitero.

Ivyo biro vyaraturiwe n’abantu bari mu myiyerekano berekana agashavu batewe n’iyicwa rya Sheikh Nimr al-Nimr, ku wa gatandatu w’indwi iheze.