Tunisia:imbwa z'inyererezi zabaye ikibazo

Kubera ico kiza, abategetsi bakomeza kwica imbwa, ariko amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike ntabishigikiye.

Ibiharuro biteye ubwoba. Nko mu giisagara kimwe bashobora kwica imbwa zigera ku 800 ku mwaka.

Umunyamakuru wa BBC ari Tunis yakurikiranye abakora umukwabu wo kwica izo mbwa, kumwe n'abanyagihugu, ndetse n'abaganga b'ibitungwa, bavura inzo mbwa.

Humvikana urwamo rw'amasasu ruvugira kure, mu masaha yo ku mugoroba, ni mu gihe c'ubukonje.

Omar, Mohamed na Hassan bari kw'irondo barondera imbwa ziyerera.

Akazi kabo n'ako kwica imbwa

Muri Tuniziya, imbwa z'inyererezi zabaye ikibazo c'igihugu.

Ubwa kera zahora mu misozi, ubu naho zigeze mu bisagara hagati.

Zimwe mbere ziba zifise ibisazi.

Omar mubisanzwe n'umufundi, ariko buca aja guhamba izo mbwa.

N'igikorwa ubwiwe atanezererewe, mugabo abona ko ari nkenerwa.

Mu myaka itanu iheze, ingwara y'ibisazi' yariyongereye cane muri Tuniziya.

Iyo ngwara yandukira mu kuribwa canke kurigatwa n'imbwa iyo umuntu afise agakomere, igashobora kwandukira abantu kandi yica bukwi na bukwi.

Haheze umwaka Mabrouka abuze umuhungu wiwe w'imyaka 25 kubera iyo ngwara, yaturutse ku kuribwa n'imbwa.

Avuga ko iyo ataza kuba ubukene bw'inka, umuhungu wiwe ngo ntiyari kuja mu kazi yakora ko gutoratora ama sachets mw'ibarabara.

Avuga ko mu kwezi kumwe gusa, yabonye umwana wiwe yabaye uwundi muntu, kwa muganga ngo barinda kumuboha.

Ikibazo c'umwanda

Tuniziya ifise ikibazo c'imicafu yuzuye ahantu hose, ivyo bigatuma ari iyo mpamvu kumbure imbwa zikomeza kuyerera.

Kubwa Fakhreddine Mhiri, asanzwe ari muganga w'ibikoko mu gace k'umuji wa Tunis, ko woba ari umwavu ukwega imbw ango si agaseseshwa rumuri.

Avuga ko mu bice birangwamwo umwanda ariho haba imbw an' inyabu ziyerera nyinshi.

Ariko agaterwa ikiabzo no kubona abajejwe igigasara bakoresha uburyo bwo kwica ivyo bikoko mu nzira yo kugabanya iyo ngwara.

Kubona ubwo bumaze imyaka nka 40 bukoreshwa ariko ntibuzane inyishu, abona ko atari yo nzira nziza yo gutorera umuti ingwara y'ibisazi.

Ngo baragenda bakarasa nka 5,10,20 buri joro, ariko zamara kumva izo nkoho zikihisha, kandi uko havuka nyinshi niko bica nyinshi.

Avuga ko iyo politike ataco imaze, ngw'iyo haba hatagira imicafu nta bwa ziba ziyerera.

Ariko n'aho hari abifuza ko izo mbwa z'inyererzi zipfuma zicwa, igice gito c'abantu barimwo abaganga b'ibitungwa bifuza ko uko kuzica ku bwinshi kwohagarikwa, hakaboneka umuti w'ikibazo urama.

Guhimiriza amashirahamwe ategamiye leta

Uwufise ububasha kw’isanamu

Rihab, umwigisha wo mw'ishure hamwe na Petra, umudagikazi amaze imuyaka 15 muri Tuniziya, bari mu bagendera buri munsi ivyo bikoko.

Buri munsi kumwe na mugenzi, bazunguruka muri karitiye bagaburira imbwa n'ubuyabu vyigenza.

Hari abakenyezi benshi bitaho ico gikorwa co gukingira imbwa n'ibindi bikooko vy'ibitungano bititaweho vyagiye mw'ibarabara.

S'ukubigaburira gusa, ahubwo bahagarika n'ubushobozi bwavyo bwo kurondoka, kugira ntibikomeze kurwiririrana no kwicwa.

Ariko imbwa kubera zitinya, n'ukurinda kuja kuzirondera.

Petra yadufatanye urugendo rw'iminota 15 n'imodokari.

Twahasanze ikibanza cahozemwo ihinguriro cahebewemwo mbwa zitari nke.

Nyene ico kibanza yagiye mu mahanga azisigaho,arazugarana.

Zari zishonje zinyotewe, zaronze.

Petra avuga ko kuzirekura, kwari nko kuba nyenezo aziciriye urubanza rwo gupfa, zishwe n'abajejwe igisagara.

Kubera amashirahamwe ataho yegamiye muri politike yakomeje kwotsa igitutu abategetsi, ubu imbwa ntizicicwa.

Habonetse iyindi ngendo yo kuzigabanya.

Iciyumviro cavuye kuri Walid Benmostfa, umuganga w'ibitungwa amaze imyaka 15 muri uwo mwuga,yabagiriye inama yo kuzibuza kurondoka.

Kugabanya igwirirana ry'imbwa

Kubuza ivyo bikoko kurwira biciuye mu guhagarika irondoka ryavyo, bisaba uburyo buzinvye.

Hamae nka Marsa baronse infashanyo zivuye mu kuremesha ibiteramo, ariko ivyo ntibikunda ku mihingo yose y' umuji.

Ben Hamida n'umukuru w'igisagara ca Rades, mu bumanuko bwa Tunis.

kimwe na bagenziwe bari mu ntwaro, bahimiriza ko izo mbwa zicwa.

Avuga ko azi neza ko ivyo ata muti w'ikibazo c'ingwara y'ibisazi bizana, ariko ngo hakenewe umugambi wo kubikora.

Mu kurindira uwo mugambi, n'inyubakwa zo gushiramwo ivyo bikoko, ishirahamwe PAT -Protection des Animaux de Tunisie, ryashiho ubuhungiro bwavyo.

Ubwo buhungiro buri kuri km 60 uvuye ku murwa mukuru Tunis, harimwo imbwa n'ubuyabu bigera ku 100.

Fatima n'umugabo wiwe Mongi, niba babicunga, inzu yabo ikaba iherarnyer n'ubwo buhungiro bw'ibikoko.

Ishirahamwe PAT ryatanguye kubaka buke buke ubwo buhungiro, ryifashishije infashanyo ziva mu mahnga.

Ariko ngo bataronse infashanyo ya leta, biragora kugirango bashobore gukwiza, bazera inze ku bakorerabushake no ku nfashanyo z'amakungu.

Muri Tuniziya, abantu benshi biteze ko hashirwaho itegeko rihana gufata nabi ibitungwa.

Kimwe no gukingira ibidukikije, abajejwe gukingira ibikoko bavuga ko bizeye ko mu mashure hatangura kwigishwa ibijanye no gukingira ibikoko.