Igitero ku bapolisi ba Misiri

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Abantu bitwaje inkoho barashe abapolisi babiri mu Misiri, mu gace ka Giza, hanze y'umuji wa Cairo.

Umurwi Isalamic State uvuga ko ariwo wagavye ico gitero, kije gikwirikira ikindi cagabwe ku bakerarugendo, cakozwe n'abitwaje inkota, mu gace ka Hurghada kari hafi y'ikiyaga gitukura.

Abo bakerarugendo, bava muri Australia na Swede, bivugwa ko muri kino gihe bimaze kugaragara ko bashobora kurokora ubuzima.

Umwe mu bateye ivyuma yaciye yicwa, uwundi nawe arakomereka.