Syria: Damaya Ishobora kugemurirwa ejo

Ishirahamwe rijejwe gutabara imbarare Croix Rouge, kimwe n'ishami rya ONU rijejwe infungurwa PAM, bariko barapakira mu modokari imiti n' ibifungurwa bibaza ko bizofasha abantu bagera ku 40 000 mu kiringo c'ukwezi.

Bamwe mu banyagihugu bugarijwe muri uwo muji wa Madaya uri ku nkengera z'igihugu ca Libani, baramaze gupfa n'inzara.

Ku munsi wa mbere naho, bateganya kugemura infashanyo nk'izo mu duce twugarijwe n'ingabo za leta natwo nyene twifatiwe n'abarwanyi, mu ntara ya Idlib.

Ivyo bibaye mu gihe intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Syria, Staffan de Mistura, ari mu murwa mukuru Damas mu mubonano n'abategetsi b'ico gihugu ku biganiro hagati y'aho n'imirwi badacana uwaka biteganijwe mu mpera z'iyi ndwi.