Abantu batatu baraye babuze ubuzima i Bujumbura

Image caption Alfred Baramburiye, yiciwe mu Nyakabiga ya mbere

Umwe muri abo bapfuye, ni umusore yitwa Alfred Baramburiye, yarasanzwe ari umunyeshure, agakora n'ibikorwa vyo kwiyungunganya afata amasanamu, nk'uko bivugwa n'ababa hafi y'ahotowe ikiziga ciwe.

Ababa hafi y'aho uwo muntu yaguye, yabwiye BBC ko, hari nk'igihe c'isaha zitatu z'ijoro, aho yumva Alfred Baramburiye avugana n'abantu bamuhagaritse, ahejeje kwururuka imodokari, bari mu mwambaro w'igipolisi, basa n'abaharira.

Mu nyuma ngo yumvise umuntu akoma induru nyinshi, hakurikira urwamo rw'amasasu.

Pierre Nkurikiye, avugira igipolisi c'Uburundi, yavuze ko yahitanywe n'amasusu igihe igipolisi cariko gisubizanya n'umurwi w'abantu wateye ama grenades hafi y'ikirindiro c'igipolisi kiri hagati y'ibarabara rya 12 na13 aho mu Nyakabiga, aho n'abapolisi 2 bakomeretse cane.

Kuri uyu w'Imana imbere y'umutaga muri komine Musaga na ho, hari umugabo yarashwe n'igipolisi, ariko ntiyashoka apfa.

Igipolisi kivuga ko ari umwe mu bagizi ba nabi bariko bahangana n'igipolisi, mbere ko imbere yo kumujana kwa muganga, yabajijwe, arivyiyemerera.

Bemeza kandi ko yavuga ururimi rw'ikinyarwanda.

Image caption Ivuriro rya MSF i Bujumbura-kigobe

Umunyamakuru wa BBC yamusanze aho yagiye kuvurirwa mu kigo c'abaganga batagira imbibe -MSF, aherekejwe n' umukuru wa karitiye, ari kumwe n'abo mu gipolisi (protection civile)

Umwe mu bavukanyi biwe yabwiye BBC ko mwene wabo yarasanzwe aba mu Kanyosha, muri komine Muha, akaba ahakana ko ari umurwanyi ahubwo yari yazindutse kwinonora imitsi.

Mw'ijoro ryo ku wa gatandatu rishira uw'Imana, haraye humvikanye urwamo rw'amasasu n'ama grenades mu ma karitiye

atandukanye y'igisagara ca Bujumbura.

Abantu 3 ni bo baguye muri ivyo bitero bitandukanye, abandi batanu harimwo abapolisi babiri barakomereka.

Image caption Ibirwanisho igipolisi cerekanye catoye ku Musaga

Mu gipolisi bamenyesha kandi ko 5 muri abo " bagizi ba nabi" bafashwe, hongera hafatwa n' inkoho 5 z'ubwoko butandukanye.

Uwugira gatatu mu bapfuye atashotse amenyekana, yatowe ari ikiziga muri karitiye Jabe kuri avenue de l'imprimerie.