Imyiyerekano muri Hong Kong

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Abanyagihugu ba Hong Kong bihereje amabarabara biyamiriza inyuruzwa ry'abantu batanu bakora mu nzu y'ubudandaji bw'ibitabo.

Ikompanyi bakorera yasohora ibitabo vyandikwa nabantu batarya umunwa mu kuvuga lewta y'Ubushinwa.

Abari mu myiyerekano baharurwa mu bihumbi, bikeka ko bene kunyuruzwa boba bajanywe mu Bushinwa bazira ako kazi kabo.

Mu majambo bavuga basemerera bagira bati : "turiyamirije ifatwa mpiri rishingiye kuri politike", aho bariko barekeza ku nyyubakwa y' uwuserukiira Ubushinw amuri Hong Kong.

Izimanagna ry' abo bantu bagurisha ibitabo ryateye akoba abahashigikiye amategeko ashingiye kuri demokarasi, uko bibaza ko abategetsi b' Ubushinwa bashobora kuzimanganya uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro aho muri Hong Kong.