Perezida Museveni ashaka manda ya gatanu

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Perezida Museveni, ari mu bazohiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu mu matora yo mu kwezi kuza.

Amama Mbabazi, yahoze ar'umushikiranganji wa mbere, yabwiye abitabiriye mitingi yiwe ko ababajwe no kubona yarashigikiye ko ibwirizwa nshingiro rihinduka mu 2005, ryatumye perezida Museveni yashobora kuguma ku butegetsi.

Perezida Museveni amaze ku butegetsi imyaka 30 , yasavye abayoboke biwe kwongera gutora 'umusaza' nk'uko akunze kwiyita.