Hagiye gusohoka igitabo gisha ca Papa

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Ico gitabo yise 'The Name of God is Mercy', umuntu yogereranya na 'Izina ry'Imana ni Umunyakigongwe', gishingiye ku vyo Papa yaganiriye n'umunyamakuru, bijanye n'imbabazi, harimwo no kuzigira kugeza ku bo bita 'ibicibwa'.

Papa avuga kandi ku bijanye n'ugukenera gusaba imbabazi ku giti ciwe, aho nawe ngo akenera kwirega.

Ico gitabo kigiye gusohoka Papa yaheruka kwinjirora n'abanyamuzika.

Ubutegetsi bwa Vatican bwemeye kohasohorwa album irimwo amajambo ya Papa yahinguwe mu muzika mu kwezi kwa 11.