Kongo yafashe abashaka gutera mu Burundi

Akarere ka Kivu y'epfo gahana urubibe n'u Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu Google map
Image caption Akarere ka Kivu y'epfo gahana urubibe n'u Burundi

Abajejwe intwaro muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo bavuga ko bafashe abantu mu nkambi ya Lusenda bashaka kwinjiza impunzi mu migwi y'abarwanyi.

Iyo nkambi iri mu karere ka Ruzizi muri Kivu y'epfo, icumbikiye impunzi z'Abarundi baheruka guhunga imvururu zatanguye mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze.

Igisirikare ca Kongo kivuga ko kimaze gufata abashika ku 35, bari bafise amakarata y'itora yo muri Kongo, yari kubafasha kurengana nk'abanye Kongo kandi ari Abarundi.

Ico gisirikare kandi kivuga ko ibikorwa vyo kubarondera bibanganya, ejo hakaba harafashwe abandi batatu.

Ngo intumbero y'abo n'ukuja kugaba ibitero mu Burundi.

Si ubwa mbere ikibazo c'impunzi z'Abarundi zinjizwa mu migwi y'abarwanyi igamije gutera u Burundi kivugwa.

Ishirahamwe Refugees International mu mpera z'umwaka uheze, ryasohoye icegeranyo aho ryemanze ko impunzi z'Abarundi ziri mu nkambi ya Mahama mu gihugu c'u Rwanda, zinjizwa ku nguvu mu mugwi witegurira gutera u Burundi.

Ariko leta y'u Rwanda yarahakanye ayo makuru.