Imfashanyo zatanguye kujanwa i Madaya

madaya famine
Image caption Imfashanyo z'ibifungurwa n'imiti vyataanguye gushika muri Syria

Onu ivuga ko urukurikirane rw’imiduga ijanye imfashanye y’ukwezo kose hamwe n’imiti, uyu musi yatanguye urugendo rwo kuja mu gisagara ca Syria mu gisagara ca Madaya, mu karere kasinzikajwe na kigoyi, aho bamwe bitavye Imana bivuye kuri iyo nzara.

Abantu barenga ibihumbi 40, baratangiriwe na reta ngo ntibave muri utwo turere, kandi ntibarigera baronka imfasanyo y’ibifungurwa kuva mu kwezi kwa cumi umwaka uheze.

Onu ivuga ko ifise ivyemeza ko hari abapfuye bazira inzara muri ico gisagara ca Madaya, kubera ko reta yankiye abatanga imfashanyo kuja muri ako karere kubera intambara iharangwa.

Mu ndwi iheze, reta ya Syria, yararekuye urukurikirane rw’imiduga y’amashiramwe atanga imfashanyo kwinjira muri ako karere. Umuvugizi wa Onu yavuze ko inzitizi zijanye n’ubutegetsi zavuye mu nzira.

Izo mfashanyo izohabwa abategetsi b’inzego zo hasi mu bigwati vyo mu ntara ya Idlib, biri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi.