Mu Budagi bariko bariyamiriza abimukira

germany protest
Image caption Abajejwe umutekano mu gisagara ca Leipzig

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu myiyerekano bagize inama mu gisagara ca Leipzig biyamiriza abimukira.

Abo bihereje amabarabara biyamiriza aba islamu bavuga ko ubu binjira ari benshi mu bimukira, bigatuma ibikorwa vy’ibiterasoni ku bapfasoni vyiyongera hamwe n’ubusuma bukorerwa abapfasoni nyene.

Bashavuriye cane umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi, Angela Merkel, bamwagiriza ko ariko araturira igihugu cabo mu kureka abimukira barenga umuliyoni bakinjira muri ico gihugu mu mwaka uheze.

Abategetsi bo muri ico gihugu bavuga ko, benshi mu koze ibikorwa vy’ibiterasoni ku bapfasoni mw’ijoro buca ari umwaka mushasha , bari abimukira.