Urubanza rw'icegera ca prezida wa Kenya i la Haye

kenya william ruto
Image caption Umushingwamanza wa William Ruto, Karim Khan

Urubanza rw’icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya, William Ruto, muri sentare mpuzamakungu rw’ivyaha vyo mu ntambara i la Haye, rurabandanya.

William Ruto ari muri iyo sentare n’umumenyeshamakuru Joshua Arap Sang, ariko aragerageza kuburana kugira urwo rubanza rwerekeya ubwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2007 muri Kenya, rufutwe.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze, iyo sentare yarafuse urubanza rwa prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, kubera kubura ivyabona, ariko umushikirizamanza avuga ko Ruto na Joshua Sang bagifise ivyo biregurako.

Abaregwa bavuga ako ababagiriza bananiwe kwerekana ivyagiriji bikwiye kugira urwo rubanza rubandanye, ari na ko baguma bahakana ivyo bagirizwa.