Umugabo aronderwa yarungikiye ifoto igipolisi

donald lima Uwufise ububasha kw’isanamu Lima Police Department
Image caption Donald yashavujwe n'iyo foto iri mu bubamfu, aca abarungikira iyo iri i buryo

Umugabo umwe ariko aronderwa n’igipolisi ku caha co kwonona itunga, yarungitse ifoto yiwe yifotoye”selfie” ku bajejwe umutekano avuga ko iyakoreshejwe n’abo bapolisi mw’itangazo batanze ryo kumurondeza, atari nziza.

Donald”Chip” Pugh yarungikiye igipolisi ifoto yifotoye, atuma n’ubutumwa ngo:”Ng’iyi ifoto yanje nziza, iyo mwakoresheje ni mbi.”

Igipilisi mu gisagara ca Lima, mu ntara ya Ohio, bariko baramanika amafoto ku rubuga rwabo rwa facebook, basaba ko bobafasha gufata Pugh.

“Iyo foto yarungitswe na Pugh ubwiwe, “ igipolisi ca Lima ni ko canditse ku rubuga rwabo rwa facebook.

“Turashima imfashanyo yiwe ariko twoshima mbere cane, mu gihe yokwishikana ku biro vyacu tukavugana ku vyo yagirizwa.”

Igipolisi kivuga ko ariko araronderwa ku birego vyinshi, n’itegeko ryo kumuhagarika ryavanye n’uko yanse kwitaba ico gipolisi nk’uko yari yabisabwe.

“Barangiriye amakosa”, uko ni ko Pugh yabariye radio imwe yo muri Ohio, igihe yariko arasigura igituma yabarungikiye iyo foto yifotoye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Other

“ Bakoresheje ifoto ituma nsa nabi nka Thundercat…canke nka James Brown yatorotse. Sinshobora kuvyemera.”

Urubuga rwa facebook rwitwa “Free Chip Pugh”, rwaciye rwugururwa kugira iyo nkuru itwengeje bagume bayihererekana.