Abantu cumi bazize ibitero muri Turkia

turkey explosion Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Humvikanye ibintu biturika cane mu gisagara ca Istanbul

Humvikanye ibintu vyaturitse cane mu gisagara gikuru ca Turkia, Istanbul.

Ico gisagara kirakunzwe cane n’ingenzi.

Abajejwe umutekano ubu ni bo bariko baragenzura ico gisagara.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abajejwe umutekano ni bo bagenzura ico gisagara

Ibiro vy’umukuru w’igisagara ca Istanbul bamenyesha ko abantu cumi bishwe abandi 15 barakomereka.

Inkuru zitaremezwa zivuga ko ari ibitero vy’iterabwoba.