Muri Kongo hakoreshwa 'super glue' ku ngohe

Image caption Muri Kongo haharawe kurondera ubwiza mu kwongera ingohe zo mu maso

Kurondera ubwiza muri Kongo ni igikorwa abagore badafyinako gushika naho hari abakoresha kole ikaze (super glue) mu kwomekako ingohe z'inyiganano.

Umunyamakuru wacu mu muji wa Kinshasa, muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, avuga ko bibanza basokoza bakanasiga abagore usanga huzuye, cane cane mu mpera z'indwi.

Benshi mu bagore baba bashaka gushaza bagasa neza, bagakoresha uburyo bwose bushoboka ngo basesuke.

Abahinga mu gusa neza kw'abagore bemanga ko kugira ingohe nyinshi bituma umugore asa neza mu maso kurusha.

Ikintu giharawe rero i Kinshasa ni kwongera ubwinshi bw'ingohe mu maso, mu gushirako ingohe z'interano.

Hakoreshwa super glue

Mu bisanzwe ingohe z'inderano zirakoreshwa henshi, ariko mu kuzomekako hakoreshwa umuti (cole) wihariye kuko urukoba rwo kumaso rworoshe.

Image caption Abahinga mu vy'ubwiza bemeza ko ingohe nyinshi mu maso zituma abagore basa neza kurusha

Muri Kongo ariko, bamwe mu bakora muri ivyo bibanza vy'ubwiza banakoresha cole imwe ihoma n'ivyuma bita super glue mu Congereza.

Umuganga avura indwara zo ku rukoba yabariye BBC ko iyo super glue ikoreshejwe ku maso iyatera kuribwa, kuvyimba eka mbere no kuvirirana.

Ngo iyo umubiri usanzwe uhindukwa n'ibikoze iyo super glue hoho birakomera, bikanaviramwo amaso kuvyimba.

Ikitibagiwe coco n'ugukurako izo ngohe mu gihe akamaro kazo katakiriho, kuko super glue iyo ihomye irahoma pe!

Ariko izo ngaruka zose, ntizica intege abagore b'i Kinshasa baba bishakira gushaza, na kare ngo gushaza ni ugushingiriza.