Iran yarekuye abasirikare bo mu mazi ba Amerika

us iran Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abo basirikare bari binjiye mu mazi ya Iran batabizi kubura ibibazo vy'ivyuma bibereka inzira

Abasirikare ba Iran barekuye abanyamerika 10 barwanira mu mazibari bafashwe barafungwa kubera kwinjira mu mazi ya Iran, nk’uko vyamenyeshejwe na television y’igihugu.

Bafashwe ku musi wa kabiri bari mu bwato bubiri, inyuma y’aho bumwe mu bwato barimwo bugiriye ingorane z’ivyuma bari mu myimenyerezo, nk’uko bimenyeshwa na Amerika.

Inkuru yacye kuri television ya Iran, ivuga ko abo basirikare barwanira mu mazi barekuwe, bahabwa n’uburenganzira bwo kwinjira mu mazi mpuzamakungu, bamaze gusaba imbabazi.

Uwufise ububasha kw’isanamu b
Image caption Abasirikare ba Amerika barwanira mu mazi, bari bafashwe na Iran barekuwe

Umutegetsi wa amerika yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters ko abo basirikare barekuwe.

Binjiye muri Iran batabigambiriye, nk’uko inkuru ziva mu gisirikare ca Revolutionary Guards zaciye kuri television y’igihugu zibivuga.

Kare, umukuru w’igisirikare kirwanira mu mazi ca Revolutionary Guards, Gen Ali Fadavi, yari yavuze ko amatohoza yerekanye ko ingorane z’ivyuma vyereka iyo ubwato bugana, coba kiri mu vyabitumye.

“Turemeza ko ukwinjira mu mazi yacu kw’abo banyamerika, atari agasomborotso canke kurondera inkuru canke ibindi bijanye navyo.” Ni ko yabwiye television y’igihugu ca Iran.

Umunyamabanga w’imigenderanire ya Amerika n’amaakungu, John Kerry, yaviuganye kw’itelefone na mugenzi we wa Iran, Javad Zarif, umwanya muto ivyo bibaye.

Abo bagabo babiri bunze ubucuti inyuma y’ibiganiro vyashitse ku masezerano ya nucleaire muri Iran.