Ubutunzi bwa Amerika bwarateye imbere

brack obama speech Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Barack Obama ariko arashikiriza ijambo inama nshingamateka

Prezida wa Amerika, Barack Obama yavuze neza ubutegetsi bwiwe, anemeza ko afise ukwizera ko Amerika izoba ihagaze neza no mu misi iri imberemw’ijambo rya nyuma yashikirije.

Yanebaguye imvugo zidakwiye zishikirizwa mu gihe co kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu, avuga ko Amerika ifise ubutunzi buhagaze neza kandi bwemewe kw’isi yose.

“Uwo wese yibaza ko ubutunzi bwa Amerika bugeze ahatemba, ararota”, uko ni ko prezida Obama yabwiye abashingamateka mu gisagara ca Washington.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Obama yabwiye inama nshingamateko ko ababajwe n'uko abademocrates n'abarepublicains bagumye barabana ribi

Ijambo nk’iryo rishikirizwa inama nshingamateka na nkenguzamateka, ryerekanye aho yagizee ico amara, nk’umugambi wiwe wo gusubiramwo ibaraba amagara y’abantu.

Iryo jambo ntirizibukwa gusa kubera ivyo yarivuzemwo, ariko ingene yerekanye uko Amerika imeze neza ubu gusumba uko Barack Obama yayisanze agiye ku butegetsi, ivyo bikavugwa n’umukuru w’uruganda rw’amakuru ya BBC mu buraruko bwa Amerika, Jon Sopel.

Yongeyeko ko, mu kiringo c’umwaka umwe gusa uheze, inama nshingamateka na nkenguzamateka ntibaronse umwanya wo yo gufasha kugira hagire igikozwe gusumba.

“Mw’ijambo rya nyuma kuri iyi nama nshingamateka, sinshka kuvuga gusa kuvyereke umwaka uza, nshaka kuvuga ivyerekeye imyaka itanu iri imbere, imyaka 10 mbere n’iyirenga, nshaka kuraba kazoza kacu ko mu misi iza,” ni ko Obama yavuze.

Yiyamirije ibivugwa n’abanye politike hamwe n’abaraba ibintu n’ibindi bavuga ko ubutunzi bwa Amerika biteye ahatemba.

Uretse ivyo, yongeyeko ko:” Ikiboneka co, n’icatumye abanyamerika bagira umwete, n’uko ubutunzi bwagiye buhinduka ku buryo butandukanye.”

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Barack Obama yagabishije abanyepolitike bakoresha imvugo ziryanisha

Yasavye abazotora n’abanyepolitike guhindura imvugo zicanishamwo, hamwo no “guhindura uko basanzwe binegura bo nyene.”

Obama yavuze ko ikibazo agiye kimubabaje ku butegetsi bwiwe, ari uko abademocrates n’aba republicains bagumye barabana ribi.

Ku ruyeri, yanavuze uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ahabwa amahigwe menshi mu mugambwe w’aba republicains, Donald Trump, yagiye anebagurwa kubera ivyo ashikiriza kuba Islam n’abimukira.

“Mu gihe abanyepolitike batuka aba islam, igihe umusigiti wononywe n’impaka, canke umwana agahabwa induru, ivyo ntibituma turonka umutekano, uko si ugusigura uko ibintu bimeze, ni ikosa…kandi bitandukanye n’uko n’igihugu tumeze,” uko ni ko Obama yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Umugambi w'ubushakashatsi wo kuvura ingwara ya cancer, uzoba urongowe na Joe Biden icegera ca prezida Obama

Yatangaje n’umugambi w’ubushakashatsi ku buvuzi bwa cancer uzoba urongowe n’icegera c’umukuru w’igihugu, Joe Biden,. Mu majambo make yagize ico avuga no ku bibazo vya politike.