Abantu 14 bahitanywe n'igitero ca bombe muri Pakistan

pakistan bomb quetta Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Abantu 14 bahitanywe n'igitero ca bombe i Quetta, muri Pakistan

Abantu cumi bane bishwe mu gitero ca bombe cabaye mu kibanza bariko bacanciramwo abana ubukangwe, mu gisagara kiri mu bumanuko bushira uburengero ca Quetta, mu gihugu ca Pakistani, nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Benshi mubishwe bivugwa ko boba ari abapolisi bari bacunze umutekano ngaho.

Abapolisi bafise ibirwanisho ni bo bacunga ubuzima bw’abavuzi batanga incanco mu gihugu ca Pakistani, bakunzwe guterwa bikomeye na Islamic State muri iyi myaka.

Abarwanyi ba IS ntiberekwa incanco, bavuga ko ari umugambi w’ibihugu vya Buraya, yo guhagarika imvyaro kubanye Pakistani.

Pakistani na Afghanistani, ni vyo bihugu vyonyene bikirangwamwo mwene iyo ngwara.

Ico kitero ca bombe cabaye cabaye mu gitondo ca kare, igihe abakoze bo gutanga incanco n’abajejwe umutekano bariko baraza ku kazi, imbere y’uko baja hirya no hino gutanga izo canco, nk’uko vyashikirijwe na Bugti, umushikiranganji mu ntara ya Balochitan, aho Quetta ibereye umugwa mukuru.

Igipolisi co muri ako karere bavuga koi co gitero cahitanye abapolisi 12, umusirikare umwe n’umunyagihugu umwe nyene.

Abantu bashika 20 bakomeretse.