Urubanza rwa Gen Ndayirukiye na bagenzi we ejo aho bukera

burundi court
Image caption Urubanza rw'abashatse gutembagaza ubutegetsi 28, ruzosomwa kuri uyu wa gatanu

Sentare ntahinyuzwa imenyesha ko abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi 28 bazomenya urwo baciriwe ejo aho bukera.

Bagirizwa ivyaha bitatu, gushira mu ngiro gushaka gutembagaza ubutegetsi no guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho ngo barwanye reta, kwica abasirikare, abapolisi n’abanyagihugu hamwe no kwonona no gusambura inyubakwa.

Urwo rubanza rwagiye ruribonekezamwo ingorane, aho bamwe mu bashingwamanza birukanywe na sentare ibagiriza gushaka kurudindiza, bitako iranabitwarira.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Gen Niyombare Godefroid, uwari arongoye abashatse gutembagaza ubutegetsi

Itariki 13 z’ukwezi kwa gatanu, Gen Godefroid Niyombare yahoze arongoye ibiro b’ikuru vya gisirikare, akaba yaranabaye umukuru w’iperereza, yaramenyesheje ko intwaro ya Prezida Nkurunziza yari mu rugendo mu gihugu ca Tanzania itembagajwe, ko igihugu ari we akiramutswa n’abo bari kumwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY
Image caption Gen Ndayirukiye Cyrille, icegera c'umukuru w'abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi

Iryo tembagazwa ry’ubutegetsi rimaze kuburizwamwo n’abasirikare bakiyoboka Prezida Nkurunziza, Gen Niyombare yaciye ahunga, ariko icegera ciwe, Gen Ndayirukiye Cyrille hamwe n’abandi 27 baca batabwa muri yompi.