Batandatu bitavye Imana bazize isegenya

burundi makamba Uwufise ububasha kw’isanamu Google map
Image caption Abantu batandatu bitavye Imana bazize imvura mu ntara ya Makamba

Abo bantu bapfuye, bane ni umuryango umwe ugizwe n’umupfasoni n’abana biwe batatu, bo ku mutumba wa Ndoba, abandi babiri bakaba ari abo I Nyanza Lac, nk’uko bivugwa na buramatari w’intara ya Makamba Niyukuri Gad.

Avuga kandi ko inzu zishika mirongo ibiri na zitanu zagurutse.

Buramatari Niyukuri Gad avuga ko abataye izabo kubera inzu zononekaye, babaye barabasabira indaro mu babanyi mu kurindira ko ubushikiranganji bwo gushigikirana bugira ico bwishuye ku kamo babateye.

Iyo mvura yaguye no mugisagara ca Bujumbura, aho mu mabarabara harangwa ibidengeri vy’amazi, nko muryitiriwe uwa mbere Munyonyo, rica imbere y’ihinguriro ry’ibinyobwa rya Brarudi.

Kw’ibarabara rya Large, ikiraro ca Muha case imigaga, hakaba ata modoka nini ubu irekuriwe kuhaca, n’izihaca zibanda ku ruhande rumwe.

Mwaka uheze, imvura y’isegenya yarahitanye abantu barenga cumi I Rutunga ku birometero mirongo 30 uvuye mu gisagara ca Bujumbura.

Abantu barenga 70 barabuze ubuzima mu 2014, mu Gatunguru, mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, bahitanywe n’imvura y’isegenya yononye ibitari bike, abantu benshi barakomereka abandi bata izabo.